Quantcast
Channel: kirundi – Indundi | Promote Burundi Beauty online
Viewing all 9033 articles
Browse latest View live

#Burundi| Abanyeshule bo muri za Kaminuza ngo bafise ubwoba kuri kazoza kabo

$
0
0
Mu gihe haherutse gufatwa ingingo y’uko abanyeshule bazoba batoye ca kibazo ca Leta gitanga uburenganzira bw’ukuja mu mashule ya Kaminuza bagiye kuzohabwa agafashanyo ariko bazosubiza ”prêt-bourse” mu kinyamazuru, abanyeshule bo mu ma kaminuza atandukanye babona iyo ngingo ko ije kubacinyiza  na canecane abana ba nyarucari. Uwuserukira abanyeshule kuri kaminuza y’Uburundi, Syrdie Barutwanayo abona ko mu gihe […]

#indundi | Hit Show Ep84 Interview(Sat-B ,Jay Fire ,B-face, Black -g)

$
0
0
Mukiganiro indundi hits show co kuri  wa gatanu(11/11/2016) , Lee Marvin asanzwe akoresha ico kiganiro  yashoboye kuganira n’abaririmvyi batandukanye nka Sat-b bakaba bayaze kundirimbo Iwacu ,Black G nawe akaba yamenyesheje kwagiye gushira ahabona indirimbo zishika kuri zine .Akaba yagarutse kundirimbo nshasha 69code  ngo  vyumvikana kwiyo ndirimbo Big Fizzo yasubiyemwo igoma(Istrumentale) y’uwundi muririmvyi Lionnel Rich mugihe abantu beshi bari […]

#Burundi| Ngo hoba har’aba Polisi boba basaba abanyagihugu kubarihira ivyo baba bafashe mu bunywero.

$
0
0
Kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 12 Munyonyo 2016, nko mugihe c’isaha zitatu z’ijoro niho havyuka imitongano hagati y’uwutwara imodoka hamwe n’umu Komiseri ku gwego gw’intara mu Ntara ya makamba, aho yagiriza uwo mushoferi guhakwa kugonga umunyagihugu yariko aragenda n’amagaru ngo amumeneshe amakaziye y’inzoga yarafise. Uwo mu komiseri bivugwa ko yagomvye kunyegeza ibirangamuduga vy’uwo mushoferi ariko […]

#indundi | R Flow nawe buca asohora akaririmbo kagomba gusa na Guantanamera

$
0
0
Indirimbo isusa na Guantanamera yo muri amerika y’epfo niyo igiye gushirwa ahabona n’umuririmvyi R Flow ayikorewe na Pastor P. Inyuma y’akaririmbo Ibuka yakoreye amasanamu, umuririmvyi R Flow Ariko arakora akandi karirimbo kiwe gashasha kumvikanamwo umudiho mbere n’ amajambo agomba gusa n’ay’indirimbo yakunzwe aho hambere hahise Bose Guantanamera. Iyo ndirimbo ikaba iriko ikorerwa I Kigali mu […]

#indundi | Black G yihaye akaruhuko ko kwitegurira neza umwaka wa 2017

$
0
0
Inyuma y’akaruhuko muri uno mwaka wa 2016, Black G yemera ko mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka uza azoshira ahabona amasanamu y’indirimbo nshasha ariko arakora.  Umuririmvyi Black G bakunda kumwita Africano ngo Ku kwezi kwa kabiri niho azotangura gushira ahabona amasanamu y’indirimbo ziwe nshasha. Ivyo yabiyagiye insamirizi Indundi Radio mu kiganiro Indundi Hit Show gica kuri […]

#Burundi| Ninde wo guhemba umusirikare w’Uburundi ari mu Gihugu ca Somaliya?

$
0
0
Ishirahamwe rigize ibihugu vya Afrika ryaraye rirahiyeye rirarengwa icipfuzo c’Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Bulaya, ku vyerekeye ihembwa ry’abasirikare bagiye kugarukana amahoro  mu Gihugu ca Somaliya. Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Bulaya ryari ryasavye ko ryoza rirashira agahembo k’abo basirikare ku ma konte y’iryo shirahamwe rigize ibihugu vya Afrika, mu nyuma rikazoja rirahemba abo basirikare bitarinze guca mu minwe […]

#Indundi Sport | #Intamba | Olivier Niyungeko yagize ico ashikirije inyuma y’Intamba kunganya na Aigle NOIR

$
0
0
Mu kiganiro umumenyereza w’intamba mu rugamba yatanze inyuma y’urukino rwabahuje n’umurwi Aigle  Noir yaratanze umuco ku bibazo bitari bike yabajijwe n’abamenyeshamakuru bakurikirankra hagufi imikino. Olivier Niyungeko yaremeye ko gushika ubu bafise ikibazo c’abasatirizi kuko abatari bake bataramenyera ubuhinga bwo gusatira igori. Akavuga ko naho bari mw’ihiganwa bagiye gufata imisi itatu bakore imyimenyerezo mu gatondo kugira […]

#indundi | Happy Famba : indirimbo yakozwe n’abahinyanyuzi batatu kugira ibe y’akarorero

$
0
0
Abahinyanyuzi batatu kwar’ukugira Indirimbo yiwe izoze isa neza gusumba. Vyayazwe na Happy ayaga na Indundi magazine. Happy Famba Indirimbo yiwe aheruka gufata amasanamu yayo ariyo Mama yakoranye n’umuririmvyi mushasha yitwa Thomson ngo izokwerekanwa Ku Mboneshakure zitandukanye zo muri Africa kandi zikomakomeye. Ivyo Famba yabiyagiye Indundi Magazine aho yabazwa ivy’indirimbo yiwe nshasha. Iyo ndirimbo ikaba abahinyanyuzo […]

#indundi | Kidum ngo nasubize umutima hamwe abarundi bari Adelaide muri Australia baramushigikiye

$
0
0
Abarundi Bari I Adelaide muri Australia ngo ntibarikumwe n’abashaka kutitabira ibiteramo vya Kidum. Bagasaba ko hatogira uwitiranya ivyaraye bibaye hamwe n’ukwifatanya n’abashaka guhombesha Kidum. Ivyo bikaba vyumvikanye mu nyuma yaho ngo bipfurije ko Kidum yosubira gutunganya ikindi giteramo muri ico gisagara inyuma yaho ata Bantu aronkeye aho aheruka gukora igiteramo. Imvo n’imvano y’ukutitabira ico giteramo […]

#Indundi health| Indwara y’igisukari igira iya gatatu mu zibangamiye amagara y’abantu kw’isi

$
0
0
Igenekerezo rya 14 Munyonyo uko umwaka utashe, harahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara y’igisukari isanzwe ibangamiye ubuzima bw’abantu. Nk’uko vyashikirijwe na ”professeur” Frédéric NSABIYUMVA asanzwe ari umuyobozi w’ikigo c’igihugu kijejwe kurwanya ico kiza, indwara y’igisukari ngo igira iya gatatu mu ndwara zibangamiye ubuzima bw’abantu kw’isi inyuma y’inyonko ”Paludisme” hamwe n’ikiza ruhonyanganda SIDA. Frédéric NSABIYUMVA yaboneyeho gusaba abanyagihugu […]

#Burundi|Amashule yisumbuye yijukiwe mu bikorwa bijanye n’ubuhinga bwa none

$
0
0
Umushikiranganji w’ama posita, ubuhinga n’uguhanahana amakuru, afadikanije n’umushikiranganji w’indero barateguye inyigisho zizomara imisi ibiri mu ntumbero y’uguhamagarira abanyeshule bo mu mashule yisumbuye kwijukira ibijanye n’ubuhinga bwa none. Izo nyigisho zikaba zatanguye ku musi w’ejo igenekerezo rya 14 Munyonyo 2016, aho ziriko zibera kw’ishule ryisumbuye ry’i Kiremba riri mu ntara ya Bururi. Nayo umunyabanga ntayegayezwa mu […]

#Indundi Sports| Ngama Emmanuel aravuga igituma umugwi wiwe udahagaze neza mw’ihiganwa ry’Urwanda.

$
0
0
Ngama Emanuel asanzwe akinira umugwi wa Mukura Victory Sports club , mu gihugu c’Urwanda, yagize ico avuga ku mugwi wiwe n’ihiganwa ry’igihugu c’urwanda muri rusangi. Tukaba twamubajije igituma umugwi wiwe  utifashe neza kandi tuzi ko  mu mwaka uheze wahejeje ihiganwa ryo mu Rwanda uri mu bibanza 4 vya mbere. Akaba yatwishuye ati: “Igituma tutwitwara neza […]

#Burundi|Cyriaque Nyandwi niwe aherutse kugandaguzwa igipanga na mwenenyina

$
0
0
Cyriaque Nyandwi niwe yagandaguwe n’umuvukanyi wiwe mw’ijoro ryo kuwa 12 rishira kuwa 13 Munyonyo uwu mwaka,ku mutumba wa Ntamba, komine ya Musigati intara ya Bubanza ku kagoroba gashira isaha imwe y’ijoro, mu gihe yari atashe maze agaheza agasanga umuvukanyi wiwe yamutegereye ku muryango w’inzu araheza amutemaguza igipanga gushika acikanye. Ahejeje kwiha iryo bara, akaba yaciye […]

#Burundi| Joseph Butore asaba abanyagihugu bo mu Cibitoke kugenda kugarukira abanya Kirundo bishwe n’ikigoyi

$
0
0
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, umushingantahe Joseph Butore, yarasavye abanyagihugu bo mu ntara ya Cibitoke na canecane abo muri komine ya Mugina ko bokwegeranya udufungurwa ndetse n’utwaritwo twose boronka twoshobora gufasha abanyagihugu bo mu ntara ya Kirundo gushika ubu bageramiwe na kigoyi cavuye k’uruzuba rusigaye rumena imbwa agahanga muri iyo ntara. Ivyo akaba yabishikirije ku […]

#Indundi|Akaranga| Akanovera k’ijambo ry’umukurambere” Akagaye ntawe kereye”

$
0
0
Iryo jambo uko nyene ryanditse aho hejuru ni umutwe w’igitabu canditswe  mu mwaka wa 2000 n’inararibonye uwahoze ar’ Umushingamateka NAHAYO Firmato , aho yashimye kugaruka kuri uwo mwibutsa ” akagaye ntawe kereye”. Mu kurindira rero ko ikinyamakuru Indundi kirondera iyo nararibonye akatuyagira imvo n’imvano yatumye yandika ku kagaye , hamwe rero n’ubutumwa yoba yarashatse gushikiriza, […]

#Indundi|Akaranga||Amagara y’umutimvyi Antime Baranshaje ngo yifashe nabi.

$
0
0
Amagara y’umutama rurangiranwa mu murisho w’ingoma ngo yoba atifashe neza muri iki gihe kubera indwara isa nigira imusinzikaze.   Akaba agwariye i muhira iwe.Ivyo bikaba biri uko mugihe iyo nzobere mu vyo akaranga k’Uburundi arumije imyaka mirongo umunani y’amavuka. Ku bera umurisho yari asanze yaragize umwuga vyamutumye amenyekana kugeza naho we n’akagoma gatoyi yavuza bija […]

#Indundi Sport | Franck Gahungu : Magara Star Fc irimubihe bibi kubera invune zabakinyi bayo

$
0
0
Umurwi wa Magara Star FC uri mu bihe bibi biturutse ku mvune z ‘abakinyi,  ivyo   bikanemezwa na Franck Gahungu umumenyereza wuwo murwi. Uwo mu menyereza amenyesha kandi ko uwo murwi umaze gutakaza inkino zibiri zikurikirana hamwe nurwo umaze kunganya gusa kuvaho ashikiye muri uwo murwi . Mu kiganiro na indundi Sport Franck Gahungu mu bibazo bitandukanye […]

#Burundi|Mu cegeranyo yashikirije ku musi w’ejo, Fatou Bensouda yaragarutse ku kibazo c’Uburundi

$
0
0
Naho Uburundi bwaheruka kumenyesha abarundi n’amakungu ko buvavanuye n’amasezerano y’i Roma bwari bwateyeko igikumu, biragaragara ko ingorane bwaguyemwo kuva mu mwaka uheze wa 2015 zibandanya zituma sentare mpuzamakungu mpanavyaha ibandanya ifise akangonongono k’ugushaka kubandanya amatohoza kugira hamenyekane ibiba mu Burundi. Ivyo vyose bikaba bibonekera mu cegeranyo c’umwaka (rapport annuel) umushikirizamanza Fatou Bensouda yatangaje kuri uwu wa […]

#Indundi Sports| Donald Trump umukunzi wa Arsenal ariko hari ico adashima.

$
0
0
Inyuma y’ugutsinda amatora y’ukurongora igihugu ca Leta zunze Ubumwe bwa Amerika, vyashizwe ahabona ko ari umukunzi akomeye w’umugwi wa Arsenal The Gunners wo mu gihugu c’Ubwongereza ariko ngo hari ivyo adashima. Mu kwezi kwa gatatu, aganira n’ikinyamakuru ca Politica, yamenyesheje ko akunda umugwi wa Arsenal, ico adashima n’umumenyereza w’umugwi Arsene Wenger. “ Jewe ndi umukunzi […]

#indundi | Chiko agiye gusohora indirimbo nshasha iherekejwe n’amasanamu yayo

$
0
0
Indirimbo nshasha izoba irikumwe n’amasanamu yayo izosohoka mu misi mikeya, niko umuririmvyi Chiko yabwiye Indundi Magazine.  Inyuma y’akaririmbo Text Me umuririmvyi Chiko yakoranye na Big Fariouz, yahavuye asohora akandi karirimbo yiwe Uniform kanamenyekanye naho katashikiriye ako yakoranye n’ico gihangange. Uwo muririmvyi aho yaganira na Indundi Magazine ari hano I Bujumbura, yamenyesheje ko ariko aritegura gushira […]
Viewing all 9033 articles
Browse latest View live