Fiston Abdoulazak umusatirizi w’intamba mu rugamba ariko arigaragaza cane mu mahiganwa mpuzamakungu, akaba aherutse guha ikiganiro umunyamakuru w’ishirahamwe rya FIFA, mu nkino mpuzamakungu zigera kw’icumi akaba amaze gutsinda ibitsindo bigera kw’icumi; n’ukuvuga igitsindo kimwe ku rukino. Si ivyo gusa amaze gukora, muri kino gihe niwe mukinyi afise ibitsindo vyinshi mu mahiganwa y’ukurondera itike y’ugukina igikombe […]
↧