2 muri 4 baboneka ku mashusho yashizwe ahabona n’umwe mu bayariko, basohokanye na Diamond, kandi nawe akaba ayabonekamwo. Hashizwe ahabona ama foto y’umuririmvyi Diamond Platnumz, arikumwe n’abigeme batari bake bo muri Tanzania kandi bamenyekanye cane. Muri abo bigeme, 2 muribo ngo yarasohokanye nabo, abo nabo akaba ari Jackline Wolper yigeze kugendana na Harmonize umwe mu […]
↧
Habonetse amashusho ya Kera ya Diamond arikumwe n’abigeme barimwo abo basohokanye
↧
Sat-b yabwiwe ko abamwanka ntibazobura
Sat-b ngo abamwanka ntibazobura, ariko n’abakunzi baruzuye. Ahanurwa gukomeza uko ariko arakora ahubwo ashiremwo inguvu gusumvya. Bizimana Aboubakar Karume abenshi bazi nka Sat-b ahanurwa kubandanya araba imbere agashira inguvu mu bikorwa vyiwe, ngo kuko abamwanka ntibazobura, bazokwamaho, ariko n’abamukunda barahari. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa n’umuyobozi wa Buja Fm mu gihe bariko batanga agashimwe ku muririmvyi […]
↧
↧
# Indundi Sports | Napsa Star |Bibiri vyompi vyinjijwe na Mavugo Laudit
Umukinyi w’Intamba mu rugamba Mavugo Laudit yaraye atsindiye Napsa Star ibitsindo bibiri ku gatwe kiwe . Hari kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 27 Nzero umwaka wa 2019 aho ihiganwa ryo muri Zambia ryari riramutse ritangura kundwi yayo ya mbere, umugwi Napsa Star ukinamwo Mavugo Laudit wari wakiriye Nkwanzi Fc birangira Napsa Stars utsinze […]
↧
Gael Duhayindavyi na Ciza Hussein baraye bafashije Mukura gutsinda Amagaju
Umugwi Mukura Vs ubandanya witwara neza mw’ihiganwa ryo mu Rwanda Azam Premier league . Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 27 Nzero umwaka wa 2019 Ku kibuga ca Huye niho hari haramutse haba urukino rw’ikirarane rwahuza Mukura Vs, hamwe n’Amagaju Fc, urwo rukino rukaba rwaraye rurangiye Mukura Vs utsinze amagaju Ibitsindo 2-1. Ibitsindo […]
↧
Ned bank Cup: Frederic Nsabiyumva yaraye afashije Chipa United gusezerera Mamelody sundhouse
Umukinyi w’inyuma w’Intamba mu rugamba Nsabiyumva Fréderic yaraye afashije Chipa United gusezerera Mamelody Sundhouse mu gikombe ca Ned Bank cup. Mu rukino rwari rwabaye kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 26 Nzero umwaka wa 2019 Ku kibuga ca Chipa United citwa Nelson Mandela bay Stadium , Chipa United yaraye yakiriye umugwi Mamelody Sundhouse birangira Chipa […]
↧
↧
Bimenyimana Bon Fils Caleb yaraye asezeye abakunzi ba Rayon sports
Umusatirizi w’Intamba mu rugamba akinira Rayon sports, Bimenyimana bon fils Caleb yaraye asezereye abakunzi b’uwo Mugwi. Hari kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 27 Nzero umwaka wa 2019 aho Umugwi Rayon Sports wakina na Etincelles mu rukino rw’igikombe c ‘intwari urwo rukino rukaba rwararangiye Rayon Sports itsinse Etincelles ibitsindo 2 kuri 1. Muri […]
↧
# Indundi Sports | Nahimana Shassir yaraye ahawe amasezerano muri Al Mujazzal Club
Umukinyi wo hagati w’Intamba mu rugamba Nahimana Shassir yaraye ahawe amasezerano mu mugwi Al Mujazzal Club wo muri Arabie Saoudite . Hari Ku musi wa Gatanu igenekerezo rya 25 Nzero umwaka wa 2019 aho Umukinyi wo hagati w’Intamba mu rugamba Nahimana Shassir yahabwa amasezerano yo gukinira umwaka n’igice Umugwi AL Mujazzal yo mu cicaro ca […]
↧
Zimbabwe : Inyuma yo gukora imodoka, ageze kurwego rwo gukora indege
Sangulani Chikumbutso, umwenegihugu wo muri Zimbabwe atashoboye kurangiza amashure yisumbuye aherutse gukora indege kajugujugu, imodoka ikoresha umuyagankuba hamwe na drone. Uyo musore yavukiye mu minyaganyaga mu ntara ya Kuwazana amenyesha ko kuva akiri muto yagumye akurikirana akanitaho cane umwuga se wiwe yakora w’ubumekanisiye. Kuri we kugira impamyabushobozi nyinshi ngo yabibona nk’ugutakaza umwanya kandi ashobora kuwukoresha […]
↧
Dudu Niyukuri yakebuwe ko indirimbo zinyaruka mu rukurikirane ari nyinshi cane
Dudu Niyukui yahagaritse ikorwa ry’izindi ndirimbo zija mu rukurikirane rushasha kuko ngo izari zirimwo zinyaruka zari nyinshi. Dudu Niyukuri ngo yabwiwe ko indirimbo yari yashize mu rukurikirane buca rushirwa ahabona ngo harimwo izinyaruka nyinshi, aca ahagarika kubandanya akora izindi. Dudu Niyukuri ngo yarahagaritse ishirwa ahabona ry’urukurikirane rwiwe kubera ko abasanzwe bamufashwa guhonja ibikorwa vyiwe imbere […]
↧
↧
Intamba U 20: Urutonde rw’abakinyi 21 b’intamba bagiye kwerekeza muri Niger
Umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba Joslin Bipfubusa yaraye ashize ahabona urutonde rw’abakinyi 21 b’intamba mu rugamba bagiye gufata urugendo rubashikana muri Niger . kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 29 Ruhuhuma umwaka wa 2019 isaha icumi 16h00 bakaba bagiye kwitabira inkino z’igikombe ca Africa y’abatarenza imyaka 20 CAN U 20 muri Niger hagati y’amagenekerezo ya […]
↧
Kanakimana Bienvenue yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze ukwezi kwa Kigarama
Umukinyi w’umusatirizi w’Umugwi Aigle Noir Kanakimana Bienvenue niwe yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze ukwezi kwa Kigarama. Kuri uyu wa mbere igekerezo rya 28 Nzero umwaka wa 2019 Ku kibuga ca Centre Technique National mu Ngagara , ishirahamwe Brarudi ribicishije Ku kinyobwa Primus Burundi ryaratanze agashimwe k’umukinyi yaranze ukwezi kwa Kigarama umwaka wa 2018 muri Primus league […]
↧
Ubushikiranganji bw’ubudandaji buriyamiriza ingingo ya Brarudi
Ubushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro buriyamiriza ingingo y’ishirahamwe rihingura ibinyobwa Brarudi y’uduza ibiciro ry’ibinyobwa bimwe bimwe risanzwe rihingura, nk’uko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 28 Nzero 2019. Umushikiranganji Jean Marie Niyokindi avuga ko iyo ngingo yafashwe ata nama ibaye kandi ko iyo ngingo iza ihonyanga ingene ivyiduzwa ry’ibiciro ryahora rigenda. […]
↧
Indundi Sports | Sat-B yahawe umwambaro w’Intamba mu rugamba
Umuririmvyi Bizimana Aboubakad Karume batazira Sat-b yahwe umwambaro w’Intamba mu rugamba . Hari Ku musi wa Gatanu igenekerezo rya 25 Nzero umwaka wa 2019 , aho radio buja FM yari iramutse iha agashimwe k’umuririmvyi w’umwaka kuri iyo Radio . Umuririmvyi yatowe nk’umuririmvyi w’umwaka wa 2018 w’iradio Buja FM akaba ari Bizimana Aboubakar Karume ku ndirimbo […]
↧
↧
Umuntu umwe yaciye yitaba Imana abandi bane barakomereka
Umuntu umwe yaciye yitaba Imana ubwo nyene nayo abandi bagera kuri bane barakomereka inyuma y’isanganya ry’imodoka zibiri hamwe n’ipikipiki vyagonganiye imbere y’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Mu gatondo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Nzero 2019 igihe c’isaha icumi na zibiri imbere y’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge habaye impanuka idasanzwe yahitanye ubuzima bw’umuntu umwe […]
↧
Uru nirwo Sentare nkuru ya Muramvya yaraye ibaciriye
Mu gaturuturu ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Nzero umwaka w’2019 mu ntahe y’ikibiriraho yarangiye igihe c’isaha zitandatu n’iminota mirongo ine z’ijoro (00h40), Sentare Nkuru y’Igihugu ya Muramvya yaciriye umunyororo wo guherayo NGENDAKURIYO Anthère ku caha co kwica NIVYAYO Innocent yabiteguye amutemye izosi n’umuhoro. NDAYIRAGIJE Caritas nawe yahanishijwe gupfungwa umunyororo w’imyaka 20 akaba […]
↧
Intamba U 23 Urutonde rw’abakinyi 21 b’intamba bagiye kwitegurira urikino rwa Congo Brazza
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryamaze gushira ahabona urutonde rw’abakinyi 21 b’intamba mu rugamba ya batarenza imyaka 23 bagiye kwitegurira urukino rwa Congo Brazza mu kwezi kwa Ntwarante . Akaba ari aba bakudikira : 1.Bankagakura Bosco(LLB) 2.Kanyamuneza Aime Christian (Messager Bujumbura) 3.Harerimana Emmanuel(Buja City) 4.Samuel Ndizeye(vital’o) 5.Moussa Ndikumana(Buja City) 6.Iddy Museremu (Messager Ngozi) 7.Olivier […]
↧
# Intamba U 20 zashitse amahoro muri Niger
Inyuma yaho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ku batarenza imyaka 20 uhagurikiye ibujumbura kuwa kabiri w’igenekerezo rya 29 Nzero(01), waraye ushitse amahoro muri Niger . Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 zikaba zigiye kwitabira inkino za CAN z’abadashikana imyaka 20. Urukino rwambere rukaba rutegekanijwe kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 02 Ruhuhuma umwaka wa […]
↧
↧
# Ulimwengu Jules niwe asubiriye Caleb muri rayon Sports
Umukinyi w’intamba mu rugamba Ulimwengu Jules niwe agiye gusubirira Bimenyimana bon fils Caleb muri Rayon Sports, uyo musatirizi w’umurundi yahora akinira Sun rise mu mezi atandatu aheze yaciye yipfuzwa na Rayon Sports. Ivyo guha amasezerano uwo mukinyi bikaba vyaraye bimenyekanye kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 30 nzero umwaka wa 2019 , aho […]
↧
Jux n’umukunzi wiwe Vanessa Mdee ngo bagiye kuza I Bujumbura
Jux yaheruka I Bujumbura ku butumire bwa Bantu Bwoym agiye kugaruka I Bujumbura mu giteramo aherekeje umukunzi wiwe Vanessa Mdee. Inyuma yaho ahamagariwe I Bujumbura na Bantu Bwoy, Jux ngo agiye kugaruka I Bujumbura azananye n’umukunzi wiwe, Vanessa Mdee. Bose uko ar babiri babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi bakaba bamenyesheje ko misi 30 bazoba bari I […]
↧
Miss Erica ngo yarayisimvye, ubu ni sawa
Ikivyimba co mu nda ngo nico cagira kidutware umwigeme Miss Erica asanzwe akorera ibikorwa vy’umuziki I Kigali. Ariko ubu ngo ni sawa. Miss Erica ngo yaragize igihe arwariye I Kampala, Ariko ubu ngo ni sawa akaba ngo agiye gusubira I Kigali aho asanzwe akorera ibikorwa vyiwe vy’umuziki nkuko yabiyagiye bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru nyarwanda. Uwo […]
↧