Quantcast
Channel: kirundi – Indundi | Promote Burundi Beauty online
Viewing all 9033 articles
Browse latest View live

Kirundo : Imiryango itari mike iguma ita izabo kubera kigoyi

$
0
0
Haraciye igihe hasubiye kwibonekeza inzara izura inzara mu makomine amwamwe agize intara ya Kirundo yaturutse ku ruzuba, imiryango itari mike ikaba iguma ita izabo, bamwe muri iyo miryango bakaba bahungira mu gihugu kibanyi c’Urwanda Nk’uko bishikirizwa n’abarongoye intwaro mu ntara ya Kirundo, imiryango mirongo itatu n’umwe igizwe n’abantu ijana na cumi niyo imaze guta izabo […]

Coupe de l’Unité: Musongati na Aigle noir bagiye gucakirana

$
0
0
Umugwi Musangati Fc hamwe na Aigle Noir bagiye gucakirana mu rukino rw’igikombe citiriwe Ubumwe bw’abarundi benshi bita Coupe de l’unité. Ni urukino ruzoba kuwa kabiri igenekerezo rya 5 Ruhuhuma umwaka wa 2019 isaha icenda 15h00 Ku kibuga c’ingoma kiri mu ntara ya Gitega . Abarorerezi bose bakazoronswa amatike yaguzwe n’Inama Nkenguzameteka yifadikanije na Fondation pax […]

Imboneshakure zizokwerekana CAN U 20 zamaze kumenyekana

$
0
0
Mugihe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 02 Ruhuhuma umwaka wa 2019 harindiranywe igishika inkino za CAN U 20 mu gihugu ca Niger , Imboneshakure zizokwerekana izo nkino zamaze kumenyekana. Izo mboneshakure zimaze kugaragaza ko zizokwerekana izo nkino , akaba ari Imboneshakure OBSTV isanzwe ikorera kurubuga rwa Internet hamwe no kuri Sanga TV yo muri […]

Nsavye yakebuye abashaka kurungika indirimbo zabo muri Isanganiro Awards

$
0
0
Isanganiro Awards ngo igiye gutangura neza, kuko imisi y’ukwakira indirimbo isa n’iyiriko irarangira, noneho ngo hamenyekane uwuzosubirira Vestine. Imisi isigaye ngo bahagarike gutora indirimbo zizoja muri isanganiro Awards ngo iri ku rushi, ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Christian Nsavye, umwe mu bamenyeshamakuru b’insamirizi Isanganiro kandi akaba n’uwuri mu bategura iryo higanwa. Abicishije ku rubuga rwa […]

Gaek Bigirimana yaguzwe muri Hebernian Fc

$
0
0
Umukinyi wo hagati w’umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba w’imyaka 25 Gael Bigirimana yaguzwe n’Umugwi Hebernian Fc ukina mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa ryo muri Ecosse bita Scotland Premiernship. Gael Bigirimana akaba yaraye ashize umukono Ku masezerano yo gukinira uwo mugwi amrzi i 6 kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 31 Nzero umwaka wa 2019. […]

Ivya Messi bibandanya bihindura inzira bifata

$
0
0
Naho we ngo ataco arabasha gushikiriza ku mugaragaro, Lionel messi yaramaze igihe asa n’uwudakinira umurwi nserukira gihugu ngo yoba yasavye $ 1,000,000 angana 2,700,000,000 fbu ngo azokinire uwo murwi mu rukino rwa kivandimwe ruzobahuza na Maroc. Inyuma y’igihe ataboneka ku rubuga rw’umupira arikumwe n’umurwi nserukira gihugu wa Argentine, Lionel Messi ngo agiye gusubira gukinira ico […]

Justin Ndikumana abandanya yitwara neza muri Sofapaka

$
0
0
Umunyegori w’Intamba mu rugamba Ndikumana Justin abandanya yitwara neza mu mugwi Sofapaka Fc. Mu rukino rw’ihiganwa ryo muri Kenya ryabaye kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 03 Ruhuhuma Sofapaka Fc yatsinze Kariobangi Sharks ibitsindo 2-0 , uyo munyegori yitwaye neza arakura imipira ikoma komeye yari yatewe na basatirizi b’umugwi Kariobangi Sharks. Justin Ndikumana […]

Isabukuru y’amavuko ntirizohimbazwa kubera Diamond

$
0
0
Q boy ngo ntarota ahimbaza isabukuru ryiwe ry’amavuko kubera ibiheruka kumushikira. Ugucumura kuri Diamond bikamuviramwo gusezererwa ngo vyaramukomerekeje cane. Mu gihe yariko yitegura gushira ahabona akaririmbo kiwe gashasha, Q Boy yabwiye abamenyeshamakuru ko umusi mukuru wiwe w’amavuko wimirije atiteze kuwuhimbaza, igituma ngo nuko ico gihe kimwibutsa ko yatakaje incuti zamuba hafi. Izo ncuti uwo muririmvyi […]

Nsavye ati n’abandi nibahamvye Cedric bangy

$
0
0
Nsavye ati n’abandi nibafate inzira nkiya Cedric bangy mu kugira ico babikira umwe mu bazoshika mu gice ca nyuma c’ihiganwa Isanganiro Awards. Mu gihe ari mu bahora bavuga cane ko amahiganwa atandukanye akwiye gukuraho ingeso y’ugukoresha amahiganwa ngo ntihagire ico baha abatsinze, cedric bangy yatanze akarorero yemera kuzoha agashimwe uwuzofata ikibanza ca 2 muri Isanganiro […]

Mbappe ati :”iyaba vyamvako mba narashitse muri Real Madrid”

$
0
0
Nka hamwe PSG imurekuye, Real Madrid ikamugura, kuri yoba ari amata avyaye amavuta. Mbappe ati :”iyaba vyava kuri jewe mba narashitse muri real Madrid kuva kera”. Ivyo n’ivyashikirijwe n’uwo mukinyi nyene abibwira umwe mu basanzwe bakorera uwo murwi aho yari i madrid. Amakuru dukesha ikinyamakuru L’express co mu bwongereza avuga ko uwo mukinyi naho yaciy […]

Inarunyonga yavuze kw’ihagarika ry’umuziki akaja muvy’amareresi

$
0
0
Inarunyonga afise umugambi wo guha umwanya ingabire yiwe yo gukina ireresi gusumba umuziki muri kino gihe. Inyuma y’igihe asa n’uwuri mu gacerere, Ndayishimiye Arlaine benshi bazi nka Inarunyoga yasubiriye kandi kugaruka n’ibikorwa bishasha. Mu kiyago yagiranye na Indundi magazine yavuze ko hari ireresi aheruka gukinamwo muri amerika iyo abarizwa muri kino gihe. Iryo reresi rizoba […]

T Max na Uncle Crazy boba bari mu nzira y’ugutanga igikorwa gishasha

$
0
0
TMax na Uncle Crazy bashobora kuba bafise igikorwa gishasha bariko barategura gushira ahabona. Inyuma y’igihe ataboneka mu muziki ndundi, Uncle Crazy ngo yoba agiye kandi gusubira mu muziki. Ivyo bikaba vyibajijwe kubera aka Video kabonetse ku rubuga rwa Facebook rw’umuririmvyi T Max, aho vyabonetse ko hari muri Studio barikumwe na Uncle crazy, bariko baririmba. Ntiharabasha […]

Amabere ya Vanessa Mdee ngo ntarakorwako n’imbugita

$
0
0
Umuganga abaga ngo ntarakora kw’ibere ryiwe, Vanessa akaba yabishikirije mu gihe yabeshuza amakuru avuga ko yoba yari yarayongereje abanje kubarwa. ibere ryiwe ngo ntaco araryongerako, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’umuririmvyikazi Vanessa Mdee mu kiyago yagiranye na Wasafi Tv. Muri ico kiyago, uwo mukobwa w’igihangange mu muziki muri Tanzania, yabwiye ico kinyamakuru ko ata mugambi afise w’ukwongereza […]

Umwe mu bana ba Lolilo baba mu bwongereza ngo akinira Arsenal

$
0
0
Lolilo ngo arereye mu murwi wa Arsenal w’abakuze, Senior, uwarereyo akaba yitwa Nassor Juinior afise imyaka 8. Umwana wa Lolilo w’imyaka 8 niwe asigaye akina mu murwi wa Arsenal, ivyo Lolilo akaba yabiyagiye ikinyamakuru Inyarwanda aho camugendera muhira iwe. Lolilo muri ico kiganiro, akaba yagiriyeko avuga ko afise abana 4, 2 bari mu bwongereza ku […]

Ibihangange biri muri Isanganiro Awards

$
0
0
Abaririmvyi batandukanye baomeye ba hano bafise indirimbo mw’ihiganwa rya Isanganiro Awards Indirimbo 20 ziri mw’ihiganwa rya Isanganiro Awards zamaje kuja ahabona, izo ndirimbo zikaba zirimwo zibiri zibiri z’abaririmvyi Natacha, Mb Data, Vichou na Sat-b. Hampande ya Sat-b, Vichou na Natacha, muri urwo rutonde rw’izo ndirimbo harabonekamwo indirimbo ya Big Fizzo, Lolilo, dr Claude, Masterland na […]

Uganda yihetse ku bakobwa n’abagore b’ibisusu binini binini mu gukwega ba mukerarugendo

$
0
0
Hampande y’ingunge, ama Park,inyoni n’umugezi wa Nile, hagiye kwiyongeramwo abakobwa b’ibisusu binini binini ngo bikunde igitigiri ca ba mukerarugendo bagendera Uganda biyongera. Mu gihe ba mukerarugendo bari mu binjiriza amafaranga atari make bino bihugu vyacu vyo muri afrika y’ubuseruko, Ubugande bwahisemwo gukoresha ubundi buryo kugira bikunde babashe gukwega abandi benshi gusumba. Amakuru dukesha ikinyamakuru Daily […]

Aya niyo masezerano Karim Nizigiyimana yahawe muri Vipers

$
0
0
Karim Nizigiyimana agiye gukinira umugwi Vipers Fc wo mu Buganda. Kizigenza w’intamba mu rugamba mu nkino ziheruka z’umugwi nserukira gihugu Nizigiyimana Karim Makenz, kuri uyu wa Gatatu igenekerezo rya 06 Ruhuhuma umwaka wa 2019 yashize umukono ku masezerano y’umwaka yo gukinira Vipers Fc mu cicaro cambere mu Buganda. Karim. Nizigiyimana akaba yashize umukono ku masezerano […]

# Shassir Nahimana yatsinze igitsindo ciwe ca mbere muri Al- Mujazzel

$
0
0
Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Shassir Nahimana yaraye yitwaye neza. Hari kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 05 Ruhuhuma umwaka wa 2019 aho ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri muri Arabie Saoudite ryari ryabandanije kundwi ya 23 , Umugwi Al- Mujazzel ukina shassir Nahimana wari wakiriye Hajer Club , urwo rukino rukaba rwararangiye Al-Mujazzel […]

#indundi|Leonard Sinzinkayo yanshinguranywe iteka

$
0
0
Imboneza mu muziki ndundi Leonard Nsinzinkayo yamenyekanye cane mu mwaka w’ 1988 gushika 1998, uno musi niho yashinguranywe iteka. Aherekejwe n’urwaruka rwabaririmvyi rutari ruke, rugiwe imbere n’umuhungu wiwe azwi kw’izina rya All Saint ,bakikujwe n’incuti ababanyi n’umuryango, mw’itongo ry’abapfuye ku Mpanda niho baasezereye ubwanyuma. Kw’ igenekerezo rya 06 Ruhuhuma(02) niho Ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino, imico n’akaranga […]

U Burundi bwungutse ikibanza kimwe muri FIFA

$
0
0
Nk’uko mu bizi buri kwezi ishirahamwe ritwara umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryama risohora urutonde rw’uko imigwi nserukira gihugu yama isumba sumbana ibibanza , Uburundi mu kwezi kwa Nzero bwungutse ikibanza kimwe, Bukaba buri mu kibanza ca 138 mugihe mu kwezi kwa Kigarama bwari bwafashe ikibanza ca 139. Ibindi bihungu dusanzwe twegeranye nka Tanzania buri mu […]
Viewing all 9033 articles
Browse latest View live