Ubunwero Rosty Plus buri muri Kimironko bwoba bwahawe inguvu n’umurwi Peace and love. Inyuma y’imvururu zitagitra izina, zinagoye n’iherezo zadutse mu gihugu inyuma yaho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashatse kw’iyongera ikiringo ca Gatatu abanyagihugu isinzi barataye izabo bahungira mu bihugu bibanyi harimwo n’abari bagize uwo murwi. Umurwi Peace and Love ntiwasizwe inyuma nico gihuhusi kuko […]
↧
#Kigali|Ubunwero Rosty Plus bwoba bwahawe inguvu n’umurwi Peace and Love
↧
#indundi | Peace and Love irasubiriye kuboneka mu giteramo
Amasanamu abiri y’Indirimbo z’umurwi Peace and Love azoshirirwa ahabona umusi umwe kuri Cristal. Indundi Amasanamu y’indirimbo zibiri z’umurwi Peace and Love zigiye gushirwa ahabona aho bukera igenekerezo rya 4 ukwezi kw’umunani. Izo ndirimbo zari zirindiriwe kuba umuhisi Bobo ataritaba Umuremyi zikaba ari Ndicuza hamwe na Wombenga. Izo zikaba umuhisi yari yarigeze kuzishira ahabona uduce avuga […]
↧
↧
#Indundi Sports |Fuadi Ndayisenga ashobora kwizerwa muri AZAM FC.
Inyuma y’iminsi Fuadi Ndayisenga ariko arageragezwa mu mugwi wa AZAM FC wo mu gisagara ca Dar es Salam, ariko yerekana ubukerebutsi bukomeye mu nkino za kivandimwe uyo mugwi uriko urakina mu mazinga ya Zanzibar. Mu nkino zigera kuri zitatu za kivandimwe uyo mugwi umaze gukina Fuadi Ndayisenga amaze kuzitangura zose, urukino rwo ku munsi w’ejo […]
↧
#Indundi Sports|Niyonsaba Francine yiteze umudali mu nkino za Jeux Olympiques[Audio].
Imyiteguro irabandanya ku banonotsi b’abarundi bazitabira inkino za Jeux Olympiques mu gihugu ca Brezil, umwe mu banonotsi bitezwe cane muri ayo mahiganwa akaba ari Niyonsaba Francine ku metero amajana umunani (800m), aho agize iminsi abica bigacika mu mahiganwa y’isi. Aganira n’umwe mu banyamakuru b’inkino ba hano iwacu, yishuye ko yiteze kuzotwara umudali, na cane cane […]
↧
#Burundi|Ngo ivyizere vy’ukuronka akazi biciye ku ba nyamitahe vyariyongereye.
Kur’uyu wa gatatu uheze itariki 27 Mukakaro 2016, Ikigo API corohereza abanyamitahe gushinga amashirahamwe mu Burundi, carakoranije abamenyeshamakuru ; aho cari kiramutse carerekana ibikogwa vyaranguwe mu kiringo c’amezi atandatu arangiye. Kubw’umuyobozi w’ico kigo , umwimbu muri rusangi ngo wagenze neza uyu mwaka kuko nkuko yabishikirije ngo hashoboye kuvuka hongera hahabwa ivyangombwa amashirahamwze ashika 781 ivyo […]
↧
↧
#Burundi|Umukuru w’Inama nshingamateka yarabonanye n’abaduserukira muri EAC
Ejo, igenekerezo rya 27 Mukakaro 2016, Umurwi w’Abarundi b’Abashingamateka bo mu nama Nshingamateka y’Ibihugu bigize akarere k’ubuseruko barahawe umubonano n’Umukuru w’Inama nshingamateka aho ngo bari baje gushikiriza icegeranyo c’ivyaranguwe mu gikorwa c’ihimiriza bari bajejwe kurangura mu kwezi kwa gatandatu kurangiye. Nkuko kandi vyashikirijwe n’uwari arongoye uwo murwi , umupfasoni Emérence BUCUMI, ngo kabaye kandi akaryo […]
↧
#indundi | Abarundi ngo ni bisuganye kuko Big fizzo yashitse
Abarundi ngo nibisuganye Fizzo yamaze gushika muri Sweden, kuwa gatandatu mu giteramo ngo hazoca uwambaye. Muri kino gihe umuririmvyi Mugani Desire benshi bazi nka Big Fizzo abarizwa muri Sweden aho ariko yitegurira gushika gukora igiteramo muri ico gihugu nyene. Ku rubuga rwa facebook y’uwusanzwe amutegurira ibiteramo ariwe Kiyoyo habonetse Amashusho(video) aho yariko abwira abantu ko […]
↧
#indundi | Imyaka ntinyegezwa
Papa Francis yatembagaye mu gihe yariko arasoma imisi muri Plonge. Mugihe yariko arasoma imisi papa Francisco umwungere wa Ekleziya katolika mu gihugu ca Pologne bagiye babona yikubita hasi ubwo nyene babona kuja kumuvyura nkukyo biboneka yaba mu mashusho canke amasanamu yerekanywe hirya no hino. Uwo mwungere amakuru dukesha ibindi binyamakuru mpuzamakunngu avuga yoba yaragize Umwanya […]
↧
#Indundi Sports| Nkurunziza Prince umwana muto yatwaye imidali ine yose mu nkino z’i Montreal.
Uyu musore muto cane afise imyaka 14 gusa, aherutse kwitera iteka ndetse n’abavyeyi biwe mu gutwara imidali igera kuri ine mu mahiganwa yo kw’inonora imitsi ku bakiri bato mugisagara ca Quebec hariya muri Canada. Ntaminsi myinshi iheze nk’uko vyandikwa n’ikinyama kuru kimwe co muri ico gisagara « Viva.media.ca », Prince ntiyari bwabone urukino yoshobora gutera […]
↧
↧
#indundi | Umwana wa Platini yaraye akwije umwaka avutse
Platini yahimbaje Umwaka wose uheze aronse ikibondo kuri uyu wa 28 mukakaro. Umuririmvyi King Plata benshi bazi nka Platini Ku musi wa Kane igenekerezo rya 28 mukakaro Niho yahimbaza umusi mukuru w’amavuko w’umwana wiwe. Uwo mwana akaba yavutse haraheze umwaka Ku mwigeme Lysette ariko ubu batarikumwe kuko hari amakuru avuga ko uwo muririmvyi yoba agira […]
↧
#indundi | Amajambo y’inkoramutima yashikirijwe na Kanumba imbere y’ugushengera
Amajambo akomeye y’umubabaro niyo Kanumba yabwiye abatanzania bahejeje kukorera ikintu we nyene atashimye na gatoya. Kanumba imbere yuko asandaba ngo yarashikirije amajambo akomeye abicishije mu kiyago yagiranye n’umumenyeshamakuru aho ashikiriza ivyiwe vyose Umukama na cane cane aba Tanzania batamwemera bamucafuza gusa. Iryo sanamu rigiye kuboneka muri kino gihe ryababaje benshi kubera aho avugamwo ko naho […]
↧
#Burundi| Uno musi niho ONU yiga kubijanye nirungikwa ry’abapolisi i Burundi
Igisata kijejwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,uno musi igenekerezo rya 29 Mukakaro,niho kiramuka ciga ku cegeranyo cashikirijwe n’igihugu c’ubufaransa, c’uko horungikwa ugwego gw’abapolisi ba ONU boja gukinga amabi avugwa ko akoregwa i Burundi. Nkuko rero ico gihugu cavyanditse, ngo horungikwa abapolise ba ONU bashika 228 ngo boba bafise ikiringo c’umwaka bari hano mu gihugu cacu c’Uburundi. […]
↧
#Burundi|CNDD FDD isuka amabi yose aba mu gihugu ku Rwanda n’amashirahamwe y’igenga
Umugambwe CNNDD FDD mw’itangazo washize ahabona ubicishije kuri Gelase Ndabirabe usuka amabi yose aba mu Burundi ku gihugu c’u Rwanda no ku murongozi waco Paul Kagame hamwe n’amashirahamwe yigenga haba aya hano iwacu canke Mpuzamakungu. Mu mugambwe Frodebu eka no muri Uprona iri mu runani Amizero y’abarundi babona ko umugambwe CNDD FDD wataye umutwe mu […]
↧
↧
#Burundi|Uwahora arongoye imirwano ibera mu Mugamba ngo yaraye yagandaguwe.
Nkuko tubikura mu Kinyamakuru “Ikiriho” kibicishije ku buhinga bwa none “Twiter” , uwahora arongoye imirwi ngo irwanira muri Komine ya Mugamba ngo yagandaguwe n’abasirikare b’Igihugu nkuko isanamu y’ikiziga ciwe ivyerekana kuri urwo rubuga nyene rw’ico kimenyeshamakuru. Aha twokwibutsa ko kuva inyuma y’impari zifatiye kukudaharura kumwe ibiringo umukuru w’Igihugu yoba arekuriwe kuvyagira ku ngoma n’ibwirizwashingiro, zahavuye […]
↧
#Burundi | Ibijanye n’igitero caraye kibaye mu Ntara ya Mwaro
Mw’ijoro ryaraye rikeye ku musi wa kane igenekerezo rya 28 Mukakaro 2016 ,haribonekeje abagizi ba nabi bitwaje ibigwanisho bicira umuriro mu bunywero bwo ku musozi Nyabigwa muri komine Gisozi mu ntara ya Mwaro.Iyo migwano yahitanye abantu batatu n’abandi bane bakomeretse cane. Uwatanze amakuru ku kinyamakuru isanganiro yamenyeshejeko hari nk’isaha zitatu z’ijoro aho babona abantu babiri […]
↧
#Burundi |Mu Ntara ya Muyinga abafungwa ishavu rigera i mutwe!
Mw’ibohero rikuru rya Muyinga, abafungwa bari kujanwa kuburana kuruyu wa kane igenekerezo rya 28 Mukakaro 2016 igihe c’isaha zitatu z’igitondo, umuyobozi mukuru w’iryo bohero akaba ataborohereje kugira basohoke ngo baje muriryo burana ryabo.Uwo muyobozi yamenyeshejeko ataba polisi afise bo kubaherekeza mu kibanza gitegekanijwe kuburaniramwo; ngo kumvo z’uko abo bapolisi bari bafatiriwe n’ayandi mabanga y’akazi. Nayo […]
↧
#Indundi Sports |Vital’o FC pre-season tour muri Congo.
Kuri uno munsi umugwi wa Vital’o wa gatanu, umugwi wa Vital’o FC wafashe urugendo rugana igihugu ca RDC mu gisagara ca Baraka ku butumire bw’imigwi yo muri ico gisagara. Inyuma y’ugutsindira igikombe c’ugusozera ihiganwa, Vital’o FC bari bamaze iminsi mu karuhuko, babaka bagarutse mu myimenyerezo kuri uyu wakabiri uheze, aho muri kino gihe bariko baramenyerezwa […]
↧
↧
#Burundi|Rumonge| Inkozi zikibi karuhariwe ngo nizo zafashwe
Abo yise abarwanyi bashika 50 bafatiwe mu ntara ya Rumonge Buramatari Yuvinari Bigirimana amenyesha kandi ko ari inkozi zikibi karuhariwe. Ferederiko Bamvuginyumvira arongoye umugambwe sahwanya Frodebu avuga ko uwo mutegetsi yihuse kwagiriza abantu amatohoza ataraba narirya hamenyerewe amarementanya akorerwa abantu kugira bafate aba n’abariya…….. Ivyo n’ibindi kurikirana mu majwi aha musi Indundi 5,080 total views, 3,338 views today
↧
#Indundi Sports|Pierrot Kwizera, umukinyi mwiza mw’ihiganwa ry’Urwanda 2015-2016.
Ku munsi w’ejo niho haba ibirori vy’ugutanga ubushimwe ku bakinyi no kumigwi yigenjeje neza kurusha abandi mu gihugu c’Urwanda mw’ihiganwa ryitiriwe AZAM. Abakinyi batari bake barashimiwe harimwo umusore Pierrot Kwizera wa Rayon Sports kuba yatowe nk’umukinyi yaranze ihiganwa ry’ico gihugu. Ni umwaka w’ihiganwa wagenze neza kuri uno musore wa hano i Burundi, yatsinze ibitsindo bigera […]
↧
#Indundi Sports|Mac Arthur yaraye atanze inkwano kuwo bazubakana.
Ku munsi w’ejo amasaha y’umugoroba niho, umusore Arakaza Mac Arthur, umunuegoli wa Vital’o FC ndetse n’umugwi nserukiragihugu intamba mu rugamba yashira ahabona uwo bagiye kuzubakana, mu gutanga inkwano ku mugaragaro. Ibirori vyabereye aho bita kuri La Citadelle muri commune ya Ntahangwa vyitabwe n’abavyeyi b’abo bageni uko ari babiri ndetse n’abakunzi b’uyo musore. Umwigeme rero bagiye […]
↧