Moise buca yubakana n’umwigeme Bodil igenekerezo rya 6 myandagaro inyuma y’ukumusaba ko yomukundira bakabana akaramata. Moise Nibitanga benshi bazi nka Moussa yari umwe mu bagize umurwi Lee 2 May bamenyekanye cane mu ndirimbo nka Araguprofita aho bukera igenekerezo rya 6 ukwezi kw’umunani azokora ubugeni hamwe n’umwigeme w’umuzungukazi Verkaik. uwo muririmvyi akaba yaheruka gushira ahabona amashusho […]
↧
#indundi | Moise Nibitanga yahoze muri Lee 2 M’A yaronse igufa ryo mu magufa yiwe
↧
#Burundi|Uruzi Ntahangwa rugenda rurarya inkengera zarwo nk’Umuswa urya igiti.
Mu gisagara ca Bujumbura biribonekeza ko inkombe z’uruzi Ntahangwa ruca hagati mur’ico gisagara, zigenda ziriyongera m’ugushwanyagurika. Igihande kibangamiwe cane n’isenyuka ry’inkombe y’urwo ruzi Ntahangwa mu n’ubumanuko bw’igisagara mu ma quartiers nka Kigobe na Mutanga Nord. Urwo ruzi aho ruca hose biribonekeza ko ama parcelles ruyogeza aho agenda aravungagurika nk’igiti kiriwe n’umuswa. Nayo amazu ari […]
↧
↧
#Indundi Sports|Vital’o FC ntavyinshi izi kw’igenda rya Hussein Tchabalala muri Amagaju.
Inyuma y’aho umukinyi Hussein Tchabalala asinyiye mu mugwi wa Amagaju, amakuru ava mu mugwi wa Vital’o FC yahoramwo, bemeza ko iyo nkuru bayumva uko, uyo mukinyi atigeze asezera indongozi z’uyo mugwi. Umushingantahe Benjamin Bikorimana avugira kuri imwe mu maradiyo yahano mu gisagara ca Bujumbura, yamenyesheje ko igenda ry’uyo mukinyi baryumva uko nabo. Yongeye amenyesha ko […]
↧
#Burundi| Bigirimana Yohani ngo yoba akiriho yamara arembejwe n’amahiri na kigoyi.
Nkuko tubikura mu kimenyeshamakuru “iwacu”, umumenyeshamakuru Bigirimana Yohani yahoze akorera i radiyo REMA, ngo yoba akiriho yamara mubi. Ivyo rero bimenyeshejwe inyuma yaho bivugiwe ko yari yafashwe nk’umuswi ucakiwe n’agaca, igihe yari ageze i bugarama mu Ntara ya Muramvya ahaye yerekeza mu gihugu hagati ku mirimo yiwe ya misi yose. Inyuma y’ifatwa ryiwe rero, ikimenyeshamakuru […]
↧
#Indundi Sports|Yungutse vyinshi nyuma y’ugukina ihiganwa rya UBA [Interview].
Inyuma y’aho ihiganwa rya Basket Ball mu gihugu c’Ubuhundi rirangiriye ku munsi w’imana, umugwi wa Punjab Steelers usanzwe ukinamwo Bryan Kavakure , umusore wa hano i Burundi utwaye ikibanza ca kabiri. Twagomvye kubaza uyo musore ico yoba yarungutse muri iryo higanwa ndetse n’imigambi afise muri kazoza. N’ubwo atashoboye kubona ikibanza mu bakinyi bagera kuri 16 […]
↧
↧
#Burundi|Abantu batandatu nibo baraye bahatswe kugandagugwa na Grenade.
Abantu 6 n’umusirikare umwe nibo bakomerekejwe na Grenade 2, ku mugoroba wo kuruyu wa mbere igenekerezo rya 1 Myandagaro 2016 mu kabare bivugwako gakundwa guteramiramwo imbonerakure aho ni muri quartier ya Ruziba mu Ntara ya Bujumbura. Abo bakomeretse bakaba baciye banyarukanwa kuvurigwa mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge. 5,182 total views, 2,556 views today
↧
#Burundi|Abapolisi bavuye muri centrafrique batahukanye ikigoyi mu nda.
Abapolisi bagera 280 batahukanywe kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 1 Myandagaro batashe bavuye mu gihugu ca Centrafrika aho bari bagiye kugarukana amahoro, bidogako Leta y’uburundi ko ibaheraniye imishahara ingana n’amezi 23, amadolari 928 y’abanyamerika ku kwezi ku mupolisi. Ngo kuva baja murico gihugu, ngo bamaze guhembwa rimwe gusa; amafaranga baronse hagati mukwezi kw’indwi uno mwaka. bamwe […]
↧
#Burundi|Le Burundi s’oppose à l’arrivée de policiers de l’ONU
Le Burundi a officiellement réagi mardi soir à l’adoption, la semaine dernière, par le Conseil de sécurité de l’ONU, d’une résolution autorisant le déploiement progressif de 228 policiers de l’ONU sur son territoire. Ces derniers auraient eu pour mandat de tenter de ramener le calme et de faire respecter les droits de l’homme dans le […]
↧
#Burundi|Iduzwa ry’ibiciro vy’ibifungurwa ritera riba akananirabahinga.
Iduzwa ry’ibiciro vy’ibifungurwa ririko riba ku rugero ruteye ubwoba mu gisagara ca Bujumbura. Ibiharage bimwe bisa numuhondo bita Jaune vyahora ku mafaranaga 1300, ubu bigeze ku 1.600 y’amafaranga y’Amarundi, ivyitwa Kirundo vyahora ku mafaranga 800,bikaba vyaduze gushika ku mafaranga 1.200 y’Amarundi.Umuceri bita umu Tanzaniya wahora ugugwa amafaranga 2.000,ubu ukaba ugugwa amafaranga 2.400; umuceri […]
↧
↧
#indundi | Sat-b yafashwe nk’umubeshi
Mu gihe amaze gushikiriza ko azotaha Vuba, bamwe mu bakurikirana urubuga rwa facebook rwa Sat-b bamufashe nk’umubeshi. Sat-b yasubiriye kumenyesha ko buca ashika iBujumbura i Burundi ku muhana, ivyo yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Facebook ku musi wa mbere igenekerezo rya mbere myandagaro. Ariko naho abivuga uko abakunzi b’umuziki wiwe kandi banamukurikira kuri urwo rubuga […]
↧
#Indundi|Album Himbaza Imana igiye gushirwa ku mu Garagaro
Umurwi Club himbaza ugizwe n’abavuz’ibingoma hamwe n’abaririmvyi batamba imvyino z’akaranga imyiteguro y’igiteramo co gushira kumugaragaro urukurikirana bise “HIMBAZA IMANA” igeze kure. Uwo murwi ukaba washimye gukorera igiteramo cambere kur’urwo rukurikirane mu gihugu kibanyi C’Urwanda aho bita kicukiro kuri New Life Church. murico giteramo co kw’igenekerezo rya 14 Myandagaro(08), uwo murwi ukazobifakanyamwo na Shekinah Dance bo muri restauration […]
↧
#indundi | Umutambukanyi wa Donald Trump yerekanywe ari gusa
Amwe mu mafoto yafashwe umutabukanyi wa Donald Trump ari gusa yashizwe ahabona imisi yababa ijana imbere yuko amatora y’umukuru w’igihugu muri leta zunze ubumwe za amerika aba. Indundi Imisi yababa ijana imbere yuko haba amatora y’umukuru w’igihugu muri leta zunze ubumwe za amerika, umwe mu bahiganirwa ico kibanza ariwe Donald Trump ava mu mugambwe w’aba […]
↧
#indundi | Samantha yizera ko azobandanya atumirwa mu yandi masabukuru
Samathan yizeye ko atari irya nyuma atumirwa gukora igiteramo nkico aheruka gukorera kuri karera Beach muri Pamoja Festival naho ryari irya mbere aririmvye ari wenyene. Nyenimana Kelly samantha umwe mu bari batumiwe muri Pamoja Festival, arashimira abashoboye gutungana iryo sabukuru kuko ngo ari akaryo keza ko kwerekana ingabire z’abarundi bikanatuma n’amakungu abamenya. Samatha yamenyekanye mu […]
↧
↧
#Indundi Sports|Abanonotsi b’abarundi bagiye Rio bashajije. [Interviews]
Kuri uno wa gatatu mu masaha y’umuhingamo, abanonotsi bagera kuri 3 baherekejwe n’abandi bakurukuru nk’umushikiranganji ndetse n’umushkiranganji w’inkino, urwaruka imico kama, bafashe indege berekereza igisagara ca Rio de Janeiro mu gihugu ca Brezil aho bagiye mu nkino za Jeux Olympiques. Abanonotsi bsgera kuri batatu ari bo: Elsie Uwamahoro, Irakoze Billy Scott hamwe na Antoinette Kasongo […]
↧
Indundi Sports|Kubw’Umushikiranganji w’inkino ngo icizere kiriho[Interview]..
Umushikiranganji w’inkino, urwaruka n’imico kama, ari nawe yaherekeje abanonotsi b’abarundi bagiye mu gihugu ca Brezil mu nkino z’isi z’ukwinonora imitsi, yemeza ko umusaruro uzoba mwiza kuko abana b’igihugu bagiye biteguye bikwiye. Mwumvirize ikiganiro cashikirijwe na J. Baptiste Hitimana asanzwe arongoye ubushikiranganji bw’inkino, urwaruka n’imico kama. 5,179 total views, 2,638 views today
↧
#Burundi|Igitero hafi y’urugo gwa Commissaire.
Mu gitondo co k’uruyu wa gatatu igenekerezo rya 3 Myandagaro 2016 hafi y’urugo rw’Umu Comissaire mukuru w’Intara ya Bubanza haraturikiye i Grenade mu murima w’imyumbati,ariko rero Imana ikaba yarakinze, ata muntu yahitanye, Ivyo rero bikaba vyabereye ku metero 50 hafi y’umugwa mukuru w’Intara ya Bubanza. Umusore wo ku musozi Musigati niwe amaze guhagarikwa k’umvo […]
↧
#Indundi Sports|Yashimye kwigira muri Simba Sports Club.
Inyuma y’igihe kitari gito umukinyi Laudit Mavugo avugwa ko agiye gukinira mu gihugu ca Tanazaniya muri Simba Sports Club, yaraye ashitse muri uyo mugwi, inyuma y’ukuva mu gihugu c’Ubufaransa aho yari yagiye gukora igeregezwa mu mugwi wa Tours wo mu cicaro ca kabiri. Agiye kwambara inimero ya 45, bikaba vyashizwe ahabona kuri uno mugoroba waraye […]
↧
↧
#Indundi Sports| Kavumbagu yoba yagirizwa gusinya mu migwi ibiri mu gihugu ca Vietnam.
Ku makuru dukura mu gihugu ca Tanzaniya, amenyesha ko inyuma ya Kavumbagu yirukanywe mu mugwi wa AZAM FC mu gihugu ca Tanzaniya, Didier Kavumabagu yarondewe n’imigwi ibiri yo mugihugu ca Vetnam aho mbere ngo yoba yasinye muri iyo migwi uko ari ibiri. Ishirahamwe rya FIFA rikaba ryamaze kwinjira hagati y’urwo rubanza bikaboneka ko ashobora gufatirwa […]
↧
#Burundi|Ingingo y’ukurungika abapolisi ba ONU 228 mu Burundi ngo izoba impfagusa.
K’uruyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Myangagaro, Reta y’Uburundi yariyamirije yivuye inyuma ingingo iherutse gufatwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU y’ukurungika aba polisi bagera 228 mu gihugu cacu mu ntumbero y’ugukinga ko ibara ryohava rirwa. Muri iryo tangazo ryasohowe na Reta, Reta y’Uburundi iributsa ko , ingingo iri mu kigabane ca 6 c’amategeko agenga iryo shirahamwe itomora […]
↧
#indundi | Video | Uburyo abantu bifata bagira babinjirireko bari mu kazu kasugumwe
Mu mashuhso y’umunota umwe kigingi yise “Ndiyo” arerekana uko abantu bifata bagiye mu kazu kagumwe, aho akavyerekana asubiramwo abantu batandukanye haba abakiri bato canke abakuze. Indundi Inyifato zimwe zimwe z’abarundi kigingi ngo azirabira ku tuntu tumwe tumwe nkuko yavyerekanye mu mashusho yashize ahabona mu kwezi kw’indwi kw’uno mwaka wa 2016 aho yakina asubiramwo abantu uburyo […]
↧