Hans Michael Weis, umudagi yari amaze indwi yose hano mu gisagara ca Bujumbura ariko arumvikana n’indongozi z’umugwi wa Vital’o FC. Ku makuru adushikira kuva ku munsi wa gatandatu, n’uko uyo mugabo yamaze kumvikana n’uyo mugwi, mbere bitegekanijwe ko asinya amasezerano nk’umumenyereza mukuru w’uyo mugwi, kuri uno munsi wa mbere, muri imwe mu ma Hotel akomeye […]
↧